Rwanda:Impunzi zahungiye mw’ikambi ya Mahama zigiye kuzohora zironswa Amafaranga ku kwezi ku kwezi mumwanya w’ibifungugwa.

Impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda ,guhera muntango z’ukwezi kwa Munyonyo  zironswa amafaranga ibihumbi bitanu n’amajana ane kuri buri mpunzi yose ibarizwa muriyo kambi harimwo abakuze n’igice kimwe c’abana bato.

Muri kino gihe,umunezero niwo uranga impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu c’Urwanda ,aho bagiye kuzohora bahabwa imfashanyo y’amafaranga mu mwanya w,ibifungurwa bahora baronswa uko ukwezi guheze,ivyo bikorwa bikazobandanya nkuko uburongozi bw’iyo kambi bubimenyesha ,bikaba bizotuma umwe wese ashobora kugura ico ashaka harimwo utuboga n’ibindi.

Umupfasoni Jeanette Nd. n’umwe mu mpunzi zahungiye mw’ikambi ya Mahama ,agira ati :Ubu ngiye kubaho ubuzima bwiza kurusha uko nari mbayeho kuko n’akarusho kanini. Jewe ndabibona kandi nizere ko n’abandi babibona kuko s’amafaranga gusa ahubwo bazoguma baturonsa agafu k’umusururu n’ibiharage. Boraba kandi uko bashiramwo n’abana b’inzoya. Batubwiye ko abana bari munsi y’amezi atandatu batazoronswa ako gafashanyo.

Umupfasoni Jeanette Nd. umwe mubasaba ko abana bato bohabwa ubwo bufasha

Pasteur Jean Bosco K.,arongoye impunzi zo muriyo kambi, yabwiye Radio Peace Fm ko itangwa ry’ayo mafaranga ari nk’inyishu ku mpunzi. Bari bamaze ikiringo iyo kambi nyene imaze, n’ukuvuga kuva mu mwaka wa 2015 ( imyaka 3),impunzi zitunzwe n’intete z’ibigori. Hari kandi ngo nivyo batahora bafungura kandi bavyifuza ,akavuga umuceri ,utuboga n’utundi twankenerwa ariko ubu ngo impunzi yose izohora igura ico yifuza.

Umumenyeshamakuru wa Radio Peace Fm amubajije ko utwo dufaranga tuzobatunga mu kiringo c’ukwezi,yamwishuye ko atankeka bizobamaza ico kiringo ngo kuko naho babaha ayo mafaranga aza yiyongera ku gafu k’ubuyi n’ibiharage bari basanzwe baronswa…..

Impunzi imwe ikaba ihabwa amafaranga y’amanyarwanda ibihumbi bitanu n’amajana ane (5400Frw),angana n’ibihumbi hafi mirongwibiri y’amarundi (20 000Fbu) ku kwezi ku kwezi vyiyongera ku biharage n’ifu y’umusururu buri kwezi.Iyo ngingo ikaba iraba abakuze n’abana bakiri munsi y’amezi atandatu (6).Izo mpunzi zirangiza zisaba ko abatanguje ico gikorwa bokwikubita agashi ako gafashanyo kagashikira n’abo bana bakiri imicuko. Ivyo vyokorwa kugira ngo abavyeyi babo babandanye kworoherwa kubarera kuko ngo nabo bagize umuryango, kandi ko bafise n’uburenganzira bwo kugaburirwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *