Rwanda: Impunzi zo mu bisagara zigiye kuvuzwa ingwara zimwe zimwe

 Ingwara nka Malaria zisinzikaza abatari bake zashizwe Ku rutonde rw’ingwara impunzi zo mu bisagara  zigiye kuza ziravurwa.

Naho ng’urugamba rukiri rurerure, Ntadohoka Patrice avuga ko hari intambwe bateye mu buvugizi bakiriko barakorera impunzi zo mu gisagara.

Aganira n’imboneshakure Renaissance yavuze ubu impunzi zose zemerewe kuvurwa ingwara zimwe zimwe, zisanzwe zibasinzikaza. Murizo akavugamwo nka Malaria, hamwe n’izisanzwe zidakira zitari ziri Ku rutonde rw’izivurwa, izo nazo akaba ari nka Cancer co kimwe na Hepatitis.

Ntadohoka, akavuga ko impuzi zo mu bisagara ziri hagati y’impaka 13 na 59 zari zisanzwe zitavurwa, kuko havurwa abana hamwe n’abahumure gusa.

Patrice kuri micro ya Renaissance akaba yavuze ko izo mpunzi zitāvurwa, arizo zifise ahanini ikibazo c’amagara kuko Arizo zifise inguvu z’ugukora.

Mukamenya ko Patrice Ntadohoma akomoka I Burundi, akaba ariwe aheruka gutorwa ngo atware umurwi userukira impunzi mu Rwanda.

Source Indundi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *