Nakivale Match:Umugwi New Buja watsinze ibitsindo 2 kuri kimwe c’umugwi Nyarugugu.

Urwo rukino rw’umupira w’amaguru rwateguwe n’uburongozi bw’ikambi ya Nakivale,mu ntumbero yo kunywanisha impunzi zitandukanye zisanzwe zarahungiye muriyo kambi z’aba impunzi z’abarundi canke izindi mpunzi ziva mubindi bihugu,urwo rukino rukaba rwahuje abarundi n’abanyekongo .

K’umuhingamo w’umusi wa kane , igenekerezo rya mbere Munyonyo umwaka 2018 ,ku kibuga gikuru c’umupira w’amaguru co mw’ikambi y’impunzi ya Nakivale mu gihugu c’Ubuganda ,umunezero wari wose ku banywanyi b’umugwi uzwi kw’izina rya New Buja ari nawo wahavuye utahukana intsinzi.

K’uruhande rw’umugwi Nyarugugu,urwo rukino ngo naho batarutsinze ,ngo wari umukino uryoshe kandi wagize icumara mu kibano na cane cane hagati y’impunzi z’abarundi niz’abanyekongo ,uwo mugwi Nyarugugu ukamenyesha ko utazocika intege naho batsinzwe mur’iryo higanwa.

Umwe mubakunzi b’umugwi watahukanye intsinzi Umwigeme Carine B. ,ati :”Turanezerejwe cane na runo rukino abakinyi bacu badukiniye neza cane kandi ndizeye ko tuzokwegukana rino higanwa vyanka vyakunda,turazi umupira kandi dufise n’abafana benshi,kubwivyo ntabwoba ko igikombe ari icacu”

Naho biruko umumenyereza akaba n’umurongozi mukuru w’uwo mugwi ngo bafise inzitizi nyinshi harimwo ibura ry’ibirato vyo gukinisha,ivyo bafungura kugira bakine neza,imyambaro yagenewe gukinana mugihe bafise urukino n’iyindi migwi,akavuga ko mugihe hogira umugiraneza afise ico yokora ko uwo mugwi New Buja woshika kure ngo narirya bamaze gutsinda kabiri muriryo higanwa nyene rizomara amezi abiri .

Iyo migwi yaraye itanye mu mitwe ikaba  ishimira uburongozi bw’ikambi k’uruwo mugambi mwiza wo kunywanisha impunzi biciye murukino rw’umupira w’amaguru ,ubwo burongozi nyene bumenyesha ko buzoguma bufata mu mugongo urwaruka na cane cane babicishije mu nkino zaba iz’umupira w’amaguru canke izindi nkino,bakanamenyesha ko uwo mugambi uzobandanya no mubindi b’isata vy’imyidagaduro ngo kuko urwaruka rwo muriyo kambi rusanzwe rufise ingabirano zitandukanye mu bice vyose nkuko bivugwa n’ubwo b’urongozi bw’ikambi.

Umugwi New Buja ukaba ariwo wahavuye utahukana intsinzi y’ibitsindo 2 kuri kimwe c’umugwi Nyarugugu uhabwa n’amahirwa yo kubandanya iryo higanwa risigaje amezi 2 kugira ngo rihere ,umugwi New Buja ukaba ugizwe n’impunzi z’abarundi ziba muriyo kambi nayo umugwi Nyarugugu ukaba ugizwe n’impunzi z’abanyekongo  bari mu bwoko bwab’abanyamulenge.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *