Impunzi zo mu muji wa Kigali zibandanya zoroherezwa mu kuronswa ivya ngombwa

Inyuma y’ ironswa ry’ amakarata ndanga mpunzi aziha uburengenzira bwo gukora bigenga nk’ abandi banyarwanda, ubu naho bagiye gufashwa kugira bazoroswe ivya ngombwa bisubirira uburenganzira bwo gutwara imiduga (Permis de conduire)zamaze guta canke zimirije guta igihe.

Mw’ itangazo ryiwe uwuserukira impunzi ziba mu bisagara Patrice Ntadohoka yamenyesheje ko kuva kw’ igenekerezo rya 08 gitugutu(10) gushika 08 za munyonyo(11) bazokwandika impunzi zifise permis zataye i gihe co kimwe n’izisigaje amezi make, igikorwa kizokorerwa ku cicaro c ‘ ishirahamwe Maison Shalom Rwanda.
Kikazokorwa buri wambere, uwagatatu, n’ uwagatanu kuva igihe c’ isatatu zo mu gatondo(09h) gushika isa cenda z’ umuhingamo (15h)

Hagasabwa kwibangikanya ibi bikurikira, Photocopie ya permis
Photocopie y’ indangampunzi ID
Co kimwe na Photocapy y ‘ igipapuro gitanga uburenganzira bw’ ubuhunzi (Proof).
Ku bijanye n’ uburyo buzotangwa canke indinganizo yuko ico gikorwa kizoshikana abavyifuza ku ma permis mashasha bikaba bitashizwe muriryo tangazo.

Source Indundi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *