Ikibazo c’ibura ry’ibikoresho vy’ishure muri Site ya Mulongwe cabaye ndase.

Abavyeyi b’abana biga baridogera amashirahamwe ajejwe gufasha abana mu gutanga ibikoresho vy’ishure muri site ya Mulongwe.

Muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo muri site y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe abavyeyi bidogera amashirahamwe ajejwe gufasha abana babo muvy’uburezi ko bagenda bahagarika amashure kumvo zuko bataronswa ibikoresho bahora bahabwa. Ivyo bigatera ikibazo abavyeyi babo bana.

Kubera ukutaronswa ako gafashanyo bahora bahabwa n’ishirahamwe Action Aid ,abavyeyi bahagaritse umutima ngo kubera abana babo birukanwa kumvo zuko atabikoresho bakironswa .Abo bana barirukanwa kenshi ku mashure basanzwe bigako rimwe na rimwe kubera Umwambaro w’ishure uwundi mwanya kubera isuku rike.

Abavyeyi babo bana bavuga ko icizere barari bafitiye ishirahamwe ryihaho impunzi kw’isi HCR rifatanije n’ishirahamwe ry’abanyabulaya Action Aid kigenda kigabanuka kuko ataco  babivugako ivyo ngo bikabatera amakenga kubijanye  na kazoza kabo bana batariko bariga.

Bagasaba ayo mashirahamwe yarasanzwe abafasha ,gusubira kwikubita agashi bakongera kugira ico bakoze  mu maguru masha narirya abo bavyeyi bidoga bavuga ko  abo bana baca batorana ingeso mbi .

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *